IMPINDUKA ZIKOMEYE MURI PENTECOTE BURUNDI

Поділитися
Вставка
  • Опубліковано 9 лют 2025
  • Oct 23, 2024 #EglisePentecoteduBurundi #Ishengero #PentecoteBurundi
    IMPINDUKA IMPINDUKA MW'ISHENGERO RYA PENTEKOTE MU BURUNDI Nk'uko amakuru dukura mu barongozi b'iryo shengero yadushikiriye kur'uyu wa 23/10, ishengero rya Pentekote ryasubiwemwo uburyo ritunganijwe ivyatumye hashirwaho uwurirongoye ku rwego rw'igihugu bise '' Super Archeveque'' NIZIGAMA Esron asanzwe arongoye Ishengero rya Pentekote ryo mu Kayogoro akaba ariwe agiye kuja mu kibanza ca '' Super Archeveque''. akazoba afise icegera ciwe : Vice-Super Archeveque akazoba Onesphore RUKWIRIKANYA asanzwe arongoye ishengero rya Pentekote ry'i Bujumbura. Iyindi mpinduka ikomeye yahabaye n'uko hashizweho urwego nshingwantwaro '' Conseil d'administration'' irongowe na Pasteur Charles KARENZO, Vice President akitwa Claver . Hashizweho kandi aba Archeveque 5 bazoramutswa intara z'igihugu nshasha '' Burunga, Buhumuza, Butanyerera, Gitega na Bujumbura''. Intara ya Bujumbura ikaba yahawe uburongozi bwa Archeveque Onesphore RUKWIRIKANYA Intara ya Gitega irongowe na Archeveque Claver Intara ya Buhumuza irongowe na Archeveque Sebatien Intara ya Butanyerera ikaba irongowe na Archeveque Jacques Mu gihe intara ya Burunga irongowe na Super Archeveque Esron. Iyindi mpinduka yahabaye ikaba iyo gufuta ivyahora vyitwa ama '' MISIYONI'' ivyahora ar'imbibe zavyo canke amatati ajanye navyo bikaba vyakuweho, aho buramatari azoba ageza kurongora muvy'igihugu akaba arinaho Archeveque azoba ageza muvy'ishengero. Hagiye gutegurwa amategeko agenga izo mpinyanyuro nshasha. Aba archeveques babicishije kuri Archeveque mukuru { super archeveque} bakaba bafise ububasha bwo guhindurira aho bakorera aba Reverend Pasteur bahora barongoye ama MISIYONI canke bakabasubiriza. uburongozi bwose mw'ishengero rya Pentekote bukaba bufise ikiringo ( ivyo kugumbira ubutegetsi canke gukurwaho n'urupfu bikaba vyafuswe super archeveque afatanije n'icegera ciwe hamwe na Conseil d'administration bakaba bashobora gukuraho umu archeveque yagiye mu bitabereye conseil d'administration ifatanije n'inama y'aba archeveque bakaba bashobora gukuraho Super Archeveque mu gihe ahushije intumbero nziza. Twobamenyesha ko ishengero rya Pentekote rya rimaze iminsi mu matati atavugirwa hejuru ariko yari hagati y'uburongozi bw'ama misiyoni hamwe n'uruhara rwa CEPBU ( communaute des eglises pentecotistes du Burundi). N'inkuru tuzobandanya tubakurikiranira. #EglisePentecoteduBurundi #Ishengero #PentecoteBurundi

КОМЕНТАРІ • 98

  • @leonidasmanirakiza
    @leonidasmanirakiza 3 місяці тому +1

    Izonkuru zirashushe

  • @damienbahenda4863
    @damienbahenda4863 3 місяці тому +3

    Pentecôte Burundi ibaye umugambwe

  • @NSABIMANAIgnas
    @NSABIMANAIgnas 2 місяці тому

    Muvyitondere

  • @GodNiyokwizera
    @GodNiyokwizera 3 місяці тому

    Imana ibaharire ntimuzi ico muvuga.ba mureka kubesha

  • @ChadrackNIYONKURU-x5s
    @ChadrackNIYONKURU-x5s 2 місяці тому

    IMANA Ntitebeje isezerano ryayo nkuko benshi biyumvira kuko abo bose sindabemera n'abakinyi b'amanyanga ndabibabwiye

  • @AlexisNshimirimana-j5n
    @AlexisNshimirimana-j5n 3 місяці тому

    Basha nagiz umubabaro ndavyumvise!!ishngero nirya mpwemu sumugambw hamw hoba harabavyiyumviy koba arkutubwira gutaha muhira pee!!

  • @EgideNdagijimana-nt7hu
    @EgideNdagijimana-nt7hu 2 місяці тому

    Ububeshiii gusa sbobantu nababeshiii zamureka kubunviriza ishengero nirimwe rifusumukizumwe ryizera kumwe abo navabeshiii

  • @NdikeGratien
    @NdikeGratien 2 місяці тому

    Mumadini barirukonye imana kuberamafaranga

  • @NadabNITEGEKA
    @NadabNITEGEKA 3 місяці тому +1

    Imana niyo nkuru knd ntabw yiyononera

  • @Masekohope
    @Masekohope 3 місяці тому +2

    Mana utabare itorero jyawe bigiyekubamo nkibyo mugwanda abanyabwenjye barinjiye nimwebwe mwabinjije mureke basamure ishenjyero

  • @ndagijimanainnocent8554
    @ndagijimanainnocent8554 3 місяці тому

    Ati Super évêque,Archeveque, révérend pasteur, ubwibone bwabo. Harikintu mutazi kandi mutaramenya Amadini yose agomba gusambuka hasigara imwe rudende kwisi yose.

  • @jonas-pf1qb
    @jonas-pf1qb 3 місяці тому

    Ni sawa, nimba babihurijeko

  • @devotenizi
    @devotenizi 3 місяці тому +1

    Ishengero niry'lmana

  • @IkanderereDondestin
    @IkanderereDondestin 3 місяці тому

    IMANA itegura ivyayo namw mutegura ivyamyu

  • @AudaceNkeshimana-so7et
    @AudaceNkeshimana-so7et 3 місяці тому +2

    Paul ATI binjiye mwishengero kugirango batte umwidegemvyo wacu kabaye yesu ATI ntimuhagrike imitima yanyu k bitazobura kubaho

  • @NdagijimanaViolette
    @NdagijimanaViolette 3 місяці тому

    Mutegura uvyanyu imana nayo igategura ivyayo

  • @LorrieDiella
    @LorrieDiella 3 місяці тому

    iman ntikora nkabana baba ntu mwenimugire ivyanyu nayo iracabihojeje

  • @esdrasnkunzimana1131
    @esdrasnkunzimana1131 3 місяці тому +1

    Tohoze neza iyo nkuru mutubwire ko iyo mpinduka bose bayihurijeko

  • @RoyalMag_bi
    @RoyalMag_bi 3 місяці тому +2

    Let's pray for them !

  • @EmileNsavyimana-d6q
    @EmileNsavyimana-d6q 3 місяці тому

    😮

  • @BigirimanaGervais-q8b
    @BigirimanaGervais-q8b 3 місяці тому

    Ubibeshi cane

  • @UchebeGervaisBayaka
    @UchebeGervaisBayaka 3 місяці тому

    Nihatr

  • @ndikumwenayoprosper4393
    @ndikumwenayoprosper4393 24 дні тому

    Ivyo ntibibaho muri Pentecôte mu Burundi

  • @SandeWilliam-o7t
    @SandeWilliam-o7t 3 місяці тому

    Mwogiyemutangaza ivyomuzi muremeje mube abakozi basatan

  • @ComeNDAYIZEYE-tc1np
    @ComeNDAYIZEYE-tc1np 3 місяці тому +2

    AB'IMANA BAGIRA BAGARAGARE, N'ABASATANI BIGARAGAZE!!!

  • @Enock-h5v
    @Enock-h5v 3 місяці тому

    Ewe kintu cazanye ibice muri ryo ababi bari hanze bakarikengera

  • @diegotvburundi5451
    @diegotvburundi5451 3 місяці тому +1

    Kura ububeshi ngaho

  • @ChadrackNIYONKURU-x5s
    @ChadrackNIYONKURU-x5s 2 місяці тому

    kubera iki Samson wo mu RUYIGI atariwe aserukiye pentecote kurwego rw'igihugu hakaja abo bana mu mpwemu

  • @SergeBukuru
    @SergeBukuru 3 місяці тому

    Ntakund nakimw kitatey imber nububesh bwaratey imber

  • @Forumidéalbuja
    @Forumidéalbuja 3 місяці тому +1

    Urumurozi mukubeshi

  • @niyonizeyeeric-k7b
    @niyonizeyeeric-k7b 3 місяці тому +1

    Aho rero yaobibay imigambw

  • @ChristopheNiyonzima-q5x
    @ChristopheNiyonzima-q5x 3 місяці тому

    Wapi nta Sper ngaho mbonye. Mbega woba ufatiye kuki,kukigira wiyite Sper woba uri Imana. L'orgueil précède la chute. Je souligne.

  • @IzonkizaEmile
    @IzonkizaEmile 3 місяці тому

    Ziba

  • @NinezerezaVincent
    @NinezerezaVincent 3 місяці тому +1

    Sivyoooooo muripfana mwabangushi mwe

  • @AudaceNkeshimana-so7et
    @AudaceNkeshimana-so7et 3 місяці тому +1

    Esilon birazwi kuva kerahose ko yarindiriye ko yankingi yishengero itambura izira kikabasha guhagarara ahera😂 4:20

  • @AntoinneteNtamagiro
    @AntoinneteNtamagiro 3 місяці тому

    Yesu akubabarire kl

  • @nicagospeltv4285
    @nicagospeltv4285 3 місяці тому

    Source plz! Duh icanditse

  • @amorossafi875
    @amorossafi875 3 місяці тому +2

    mwoduha icanditse ko twabwiwe ko atarivyo ari ibihuha!

  • @ai-ge578
    @ai-ge578 3 місяці тому

    Ubukurikira mwogabanya background music please!!

  • @chartielirankunda4021
    @chartielirankunda4021 3 місяці тому +1

    Uhoraho aguhane kuko ubeshe uhaye ukwiragiza ibihuha wasomye kumbuga z'ibihuha

  • @niyokwizigiraerica7166
    @niyokwizigiraerica7166 3 місяці тому +1

    Yesu ariho urupfu ntirwamuheranye. Amen

  • @sisisylvanendayisenga1005
    @sisisylvanendayisenga1005 3 місяці тому +1

    Eweeeee,egooo

  • @WizerimanaJoel
    @WizerimanaJoel 3 місяці тому

    Burya uwomuntu yatohoje nez a ivyobintu ariko aravuga mubwire pantecott kwariyampwemuyera itivaga nivya protik ingero yicaha nurupfu

  • @Forumidéalbuja
    @Forumidéalbuja 3 місяці тому

    Sivyo kurububeshi

  • @FrancoiseNyandwi-uo6ds
    @FrancoiseNyandwi-uo6ds 3 місяці тому

    Ivyo bintu sivyo,Satani azorinda acirirw'urubanza ivyo bitabaye.Huuuumm😂😂😂ikinyoma cambaye ubusa.Ishengero kirya Kristo yemwe nimugabanye amajambo,ahubwo musenge,reke guh'ikibanza wa mubi.

    • @JohnHakizimana-x8f
      @JohnHakizimana-x8f 3 місяці тому

      Ntaco muhindura vyarabaye ahubwo rindira bazobibamenyeshe.

  • @trophywilson7211
    @trophywilson7211 3 місяці тому

    where their Pictures??

  • @JeanneNiyokwizera-d9y
    @JeanneNiyokwizera-d9y 3 місяці тому

    Nimurek kuvuga ivyo mutamenya Ivy ntivyobaho Mur Pentecôte

  • @kotomwamini
    @kotomwamini 3 місяці тому

    Mana, girira neza urushengero rwawe

    • @richardnzeyimana3966
      @richardnzeyimana3966 3 місяці тому

      Uyu muntu wumupagani abesha! Ariko arondera ama views ariko ayarondera nabi!! Swaganya urabeko wofunguraa

  • @ElvineHabayo
    @ElvineHabayo 3 місяці тому

    Abantu mwakwije iyinkuru muzosha vuba

  • @Edmondndereyimama
    @Edmondndereyimama 3 місяці тому

    Nakanyagto Kristo akazagtora uwiteguye ivyavuzwe birashitse hasigye1

  • @NinezerezaVincent
    @NinezerezaVincent 3 місяці тому

    Mwabangushi mwe mutebe mubeshigihu kirorera pantecote sibwabudumbidubi

    • @sabiyumvaprotaissabiyumva5696
      @sabiyumvaprotaissabiyumva5696 3 місяці тому

      😂😂😂😂😂ntamakuru ufise ,,,vyarabaye ahubwo senga wumire kw'ibanga ryawe n'Imana ibi n'ibihemu vyanyuma

  • @BrownArakaza
    @BrownArakaza 3 місяці тому

    Pentecôte izoba yashaje

  • @Ericnshimirimana5752
    @Ericnshimirimana5752 3 місяці тому

    Ni gute habaho archevêque ahatagira évêque ?
    Harimwo qlq bujuju mwivyo bintu

  • @ReverienNsengiyumva-uv6ie
    @ReverienNsengiyumva-uv6ie 3 місяці тому

    Reka sha guhenda abantu ubwo burofa wabukuye he?Umu Christo nyakuri agiye kugaragara Yesu akubabarire kl

  • @SamsonTuyisabe-hy1js
    @SamsonTuyisabe-hy1js 3 місяці тому

    Ibi n'ibihuha yemweeee ntimuvyemere

  • @FabriceNdihokubwayo-f5d
    @FabriceNdihokubwayo-f5d 3 місяці тому

    Karabay icaterera kiravomye nibazane imipira yumugambwe twambare me ubu agakizakabamwe nihokagrakabnekere kiramvu ati abakimazek2bazobna turaramvy ngotubne ariko nyenigikorwa nihari

  • @erichakizimana8529
    @erichakizimana8529 3 місяці тому +1

    Ivyo bimaze imisi bisirikira kuri watsap ngo sivyo nagato nigihuha Kiriko kirakwiragira urumva rero nawe wamamaje ibihuha

  • @JeanBaptisteBasumingera
    @JeanBaptisteBasumingera 3 місяці тому

    Asha nkazova muri katorika nzoba nayovye.

    • @TuyagaJean
      @TuyagaJean 3 місяці тому

      Ahubwo uvuye muri yesu niho woba uyovye ibindi ntumbaze

  • @InezayImanaLevisTV
    @InezayImanaLevisTV 3 місяці тому

    Ni tracte sivyo nabashaka gucafuza ishengero

  • @benjaminndayishimiye3046
    @benjaminndayishimiye3046 3 місяці тому +1

    Feke newes 😂😂 murihuta kuvugivyo mutazi 🚫🚫🚫🚫🚫🚫🚫🚫🚫🚫🚫🚫🚫🚫🚫

  • @AloysTuyishime-yz9gh
    @AloysTuyishime-yz9gh 3 місяці тому

    Uwuzozan uburongozi butaribw ntantambwe azotera.

  • @Bihomebuja
    @Bihomebuja 3 місяці тому +1

    Mbe muri pamtecote ntabadamu bibaho?

  • @eliphaznkurunziza7405
    @eliphaznkurunziza7405 3 місяці тому +1

    Ibi sivyo kuko ntitwosubira muri Pentecôte twoyivamwo

    • @BelyseInamuco
      @BelyseInamuco 3 місяці тому

      Namba wahamagaw numuntu uragenda wew raba k ubanye n Imana neza usab ubushobozi bwa mpwemu Agushoboze uragiz urugendo

    • @jeanclaudeniyonkuru7877
      @jeanclaudeniyonkuru7877 3 місяці тому

      Mugenzi ibi ni ibihuha ariko kumu kristo akari imbere karahinda

    • @BelyseInamuco
      @BelyseInamuco 3 місяці тому +1

      @@jeanclaudeniyonkuru7877 Ishengero rirafise nyeneryo yaripfiriye kand ivyo nibimenyetso vyibih YESU Agir aze vuba gutor umugeni

  • @stanyharinganji6214
    @stanyharinganji6214 3 місяці тому

    Haaaa

  • @raphaelmasabo4776
    @raphaelmasabo4776 3 місяці тому +1

    Iyo ni apostasia y'Iryo Shengero! Mumwaka mwishi yaratanze ubutumwa mu Burundi.

  • @nzambimanavincent1210
    @nzambimanavincent1210 3 місяці тому

    Aba journalistes bategura inkuru yububeshi bakashishikiriza ndagomba kumenya iyo satani abigishiriza.

  • @danielhabonimana4814
    @danielhabonimana4814 3 місяці тому

    Muzoba mubwira ntibuce kubera mwataye bibiliya mukiha amazina y'amarogotano. Ivyo ngo superarcheveque navyo ngo ni ibiki?? Tubisomahe? archevêque??

  • @ElyseNinganza
    @ElyseNinganza 3 місяці тому

    Vu

  • @ndayambajeelyssa
    @ndayambajeelyssa 3 місяці тому

    Biriko biraza

  • @meabdiinfo
    @meabdiinfo 3 місяці тому

    Aho nta soni ga wa mugurano we? Satani agihanane nabo bagutumye. Inda ndende yanyu iratumye mumena ibanga! Iyi ntambara yimwemu muriko murwana mu mubiri izobahitana

  • @nibitangaabel6314
    @nibitangaabel6314 3 місяці тому

    Fake news😢 kubera iki mukunda akajagari😂

  • @AlexisNshimirimana-j5n
    @AlexisNshimirimana-j5n 3 місяці тому

    Basha nagiz umubabaro ndavyumvise!!ishngero nirya mpwemu sumugambw hamw hoba harabavyiyumviy koba arkutubwira gutaha muhira pee!!

  • @leonidasmanirakiza
    @leonidasmanirakiza 3 місяці тому

    Izonkuru zirashushe

  • @Forumidéalbuja
    @Forumidéalbuja 3 місяці тому

    Urumurozi mukubeshi

  • @diegotvburundi5451
    @diegotvburundi5451 3 місяці тому

    Kura ububeshi ngaho

  • @AlexisNshimirimana-j5n
    @AlexisNshimirimana-j5n 3 місяці тому

    Basha nagiz umubabaro ndavyumvise!!ishngero nirya mpwemu sumugambw hamw hoba harabavyiyumviy koba arkutubwira gutaha muhira pee!!

  • @leonidasmanirakiza
    @leonidasmanirakiza 3 місяці тому

    Izonkuru zirashushe

  • @Forumidéalbuja
    @Forumidéalbuja 3 місяці тому

    Urumurozi mukubesha