Ku Nama: Hakwiye gukorwa iki kugira abarundi baronke amasumiro yiyaguye ku gitoro?

Поділитися
Вставка
  • Опубліковано 28 вер 2024
  • Mu gihe ubukene bw’igitoro ari akadaseswa mu Burundi muri bino bihe, abarundi bamwe bamwe bari bahisemwo kuja barasimbira i Kavimvira mu gihugu ca Kongo kugira bagisumireyo. Mu mpera z’ukwezi kwa gatanu uno mwaka wa 2024 bivugwa ko habaye isanganya ryatumye imodoka zibiri zisha ziratokombera kw’ibarabara rya Gatumba, biturutse ku muntu igitoro ciyatse gihura n’umucanwa wari kw’ibarabara. Ubuyobozi bukuru bujejwe ingenzi i Kavinvira buca bufata ingingo yo guhagarika urwo rudandwazwa. Kino kiyago gishingiye cane cane kuri iyo ngingo, ibuza urudandazwa rumwe rw’igitoro hagati y’ibihugu bisangiye umuryango wa Afrika y’ubuseruko, hejuru y’isanganya ribaye rimwe rizima.

КОМЕНТАРІ •