Imodoka z'umwana wa

Поділитися
Вставка
  • Опубліковано 30 чер 2024
  • MAGENDU Y'IGITORO KUMUGARAGARO!!
    kiva muri Congo kikagurishirizwa kw'ibarabara ry'igihugu no.5.
    Abadandaza ibitoro barangurira muri Kongo ubu bashika mu ntara ya Cibitoke na Bubanza kuri transversal ya kane i Nyamitanga muri komine Buganda, gushika kurya mbere mu Rukana urubibe rwa Ruhwa ku rubibe n'u Rwanda muri komine Rugombo mu ntara ya Cibitoke (uburaruko bushira uburengero bw'Uburundi). Kw'ibarabara rya gatanu, Bujumbura-Rugombo, urwaruka rurasaba abantu kugura ibitoro.
    Muri RDC, biboneka ko ata ngorane z'ibitoro zihari.
    "Aha dufise ibitoro vyishi cane vyo mu bwoko bwa essence n'Amazutu ducuruza ku biciro ciza. Ntimusubure gukamya ivyuma vyanyu", bivugwa n'umuyabaga akiri muto adandariza igitoro ca magendo ku mutumba Nyamitanga akaba arangura muri Kongo.
    Ni ko binavugwa na mugenzi we amenyesha ko amalitiro meshi aca mu Rusizi (uruzi rugabura Uburundi na RDC) mw'ijoro.
    Kubw'ivyo avuga, ibido y'amalitiro 20 muri RDC irangurwa 150 0000 y'Amarundi ishitse ku butaka bw'Uburundi ikagurwa amafaranga 210 000. Aho urashobora kuba wungutse ibihumbi 40 vyihuta ukuyemwo ibiciro vyo kwiyunguruza bigera ku bihumbi 20, kandi umuntu arashobora kugenda kenshi.
    ikibaryohera, barangura ku ma stations ata ngorane n'imwe kandi Abanyekongo barakorana neza.
    Aho nyene, nk'ukwo bishobora kuboneka, ilitiro n'igice igurwa ibihumbi 15vy'Amarundi bikaba bikwega abakiriya batari bake.
    "Ngura ibitoro ku bagitembereza kandi baradufasha cane. Ubuheruka, imodokari yanje yari iri muguheramwo ibitoro kandi narashoboye kuronka ata ngorane amaritiro makeya amfasha kubandanya urugendo", bivugwa n'umwe mu badereva bagira urugendo Kayanza-Bujumbura aciye mu ntara ya Cibitoke.
    Abanyagihugu bo muri iyo ntara co kimwe n'abadandaza ivyo bitoro basaba leta kubugururira inzira ku mugaragaro kugira ngo barangure neza muri Kongo.
    No hakurya ya Rusizi, abakoresha amapikipiki bafasha mu kwunguruza ivyo bitoro bararyoherererwa uruja n'uruza runini rw'Abarundi baja kurondera ibitoro kuko, ku bwabo, bituma binjiza amafaranga.#amakuru_atarikwivumbi
    #urugendo_news_amakuru
    #Updats_zurugendo_news
    Amakuru 🅱🅱C Gahuzamiryango
    Amakuru ya RPA yihuta
    Amakuru ya Haguruka yihuta
    Amakuru yinzamba yihuta
    Amakuru ya Peace FM yihuta
    Amakuru n'ibiganiro bicukumbuye
  • Ігри

КОМЕНТАРІ • 34

  • @Kazo372
    @Kazo372 3 дні тому +4

    Nn reta itakizany nibarekebigwariz kko retavyayinaniy.mump like

  • @user-zd9ck8km5i
    @user-zd9ck8km5i 3 дні тому +3

    Ahubwo ico gitoro kibitswe mumazu kizokora ibara, kizoturira abantu

  • @Kazo372
    @Kazo372 3 дні тому +2

    Nibarek icamagend kize kko nacokirafasha nn tuburevyos.😅😅😅

  • @InnocentNimubona-g9n
    @InnocentNimubona-g9n 3 дні тому +2

    Reta inaniwe,nireke bizanire KK birafasha kubagikeneye

  • @mykeke3255
    @mykeke3255 2 дні тому

    Abobaki dandaza
    Ejo muzoyunva
    Ngobari mwibuye
    Ataruko reta
    Ibivangemwo
    Ayobaca bayagabure
    Guko nuwiyubakiy
    Inzu yogupangisha
    Kandi yubatse muri ngwiwe
    Ukazubora Reta
    Ije kwivanga mwemwunva
    Uburundi na bamurundi
    Azoterimbere gut😢

  • @user-bw3vt2jf1r
    @user-bw3vt2jf1r 3 дні тому

    Vyiza cn💪💪💪

  • @JesperManirankunda
    @JesperManirankunda 3 дні тому

    Nibakizane ukwo bashoboye none ko reta ariyo ikidandaza muri Congo, ngira ikindi bakidandaza Tanzanie. Nta Reta mu Burundi ikihari kuva kuri never bose n'abadandaji naba commissionaires. Urumva abo ba jeunes batagira akazi baba baronse ico batunga bagishikanye amarembe mu Burundi. 😊

  • @DesireMuhoza-jh9sy
    @DesireMuhoza-jh9sy 3 дні тому +1

    Nn vyogenda gute reka bikorere

  • @JeanpaulSinigaba
    @JeanpaulSinigaba 2 дні тому

    Nukuri vyoba nivyo noneko leta ko yananiwe

  • @AkimanaJeannette-tz1to
    @AkimanaJeannette-tz1to 3 дні тому

    Abo ntakosa bafise kuko ntakundi bobigenza barose iyo baja kugikura baragenda kuko ntiboreka abana babo ngo bitswe ninzara noneko reta vyase bagiregute nibigwarize kbx😢😢😢

  • @JesperManirankunda
    @JesperManirankunda 3 дні тому

    Mu menyeshamakuru uratohoza hari amakuru avugwa ko Ndakugarika na Bizoza, buramatari Cibindizi,cibitoke, ngo bobo bakirangura kamanyola kikaza mu ma camions citernes, bagaca bagishira murayo ma bidons, ibiduma, no mu macupa bagaca bakidandaza. Basha mu Cibindizi ngo igitoro ni nywa nawe, kiraboneka naho kizimvye.

  • @user-ty8ci5oi9m
    @user-ty8ci5oi9m 3 дні тому

    Reta nibareke bakizane kuk hako Imodoka yawe yokuma bobareka nkubu najew iyondi nivyaba nikimeze uko ngarutse mugihugu noza nizaniye aga stoque nzokoresha iminsi

  • @user-xc5fd2ve5r
    @user-xc5fd2ve5r 3 дні тому

    Uko mubeshera abantu mubambika ibara turabibona namwe tuzobasubiriza minkonko kazima namwe muriko murondera gushikira ibigega vyigihugu

  • @EtienneSinzinkayo
    @EtienneSinzinkayo 3 дні тому

    Ni babareke ababishoboye bacinjize.cozimba mugabo ntikibure,KD akazi ntigahagarare

  • @LambertManirankunda
    @LambertManirankunda 3 дні тому

    nimuj hiyo nububeshi gsa nn nkaho ufashiki igihugu uri mubateranya gsa

  • @louisnshimirimana9961
    @louisnshimirimana9961 3 дні тому

    Emma nico co muma bidon iyoba baraka kikinjira neza mugihugu tworonka agahegwe

  • @Mudageelevisnduwayo-tx2ws
    @Mudageelevisnduwayo-tx2ws 2 дні тому

    ahubwo urikirofo gateranyokinda wambwawe

  • @louisnshimirimana9961
    @louisnshimirimana9961 3 дні тому

    Muntara ya cibitoke kuma bidon winywera kumugaragaro ,no mugatumba ahubwo iyoba bareka intara zose tukanywa uko cnk tukacizanira nibugurure imipaka tucizanire ntangorane vyoba biteye

  • @RizikyPoro
    @RizikyPoro 3 дні тому

    Jew mbona bobareka kuko reta vyarayinaniye cozimba kikaboneka kandi uvyiteye ntimutera isoni kumbe anjerina aragisibije

  • @johnphiri-vf3ih
    @johnphiri-vf3ih 3 дні тому

    Hari Aho nabony berekana aka video

  • @user-fj4hy2wy8e
    @user-fj4hy2wy8e 3 дні тому

    Bobareka bakakizana kubera amaticke nibibazo

  • @ERICKSHIANYULA
    @ERICKSHIANYULA 3 дні тому

    Nibabareke bakizane kuko imodoka zokwononekara

  • @AimableBayisingize-ux2rk
    @AimableBayisingize-ux2rk 3 дні тому

    Mukombozi ti akazi karahagarara ration ntihagarara

  • @handsome737
    @handsome737 3 дні тому

    😮😢😢

  • @damienbahenda4863
    @damienbahenda4863 3 дні тому

    Kuramba n'ukubona

  • @claudineemile9280
    @claudineemile9280 3 дні тому

    Nibabareke bakizane

  • @NiyonsengaJususMarie
    @NiyonsengaJususMarie 2 дні тому

    Nn ikizanikize tukironke nn twogira gt

  • @InnocentSibos-lz2ur
    @InnocentSibos-lz2ur 3 дні тому

    hako cobura mugihugu imirimo igahagarara kandi ababanyi bagifise leta yareka kakiza gs nabo ntibace batwisumamwo.nnatwe nicaboneka mugihugu leta izoca ifata ngingo.

  • @emmanuelniyonsaba4568
    @emmanuelniyonsaba4568 3 дні тому

    Najewe mvuga nti nimba argitoro ci Congo koko coboneka

  • @user-tr2tr3bu2h
    @user-tr2tr3bu2h 3 дні тому

    Reta ndufise ntishoboye nireke bikorera naho adacobitaga

  • @etiennebanyanse8125
    @etiennebanyanse8125 3 дні тому

    Baratuzanire natwe kuri 15 mil

  • @melchiadehishakiye8639
    @melchiadehishakiye8639 3 дні тому

    Ni twizere imana kigiye kuboneka .ibuye riserutse ntiriba ricishe isuka. Imana ntakiyinanira .kandi uheza kugoka ibigori bikera

  • @salimabrondiyooooobirababajeca

    Nibabareke bakizane