Kurikirana ingene ibirori vyo kwatira Umwungere mushasha wa Diyoseze Bururi vyagenze

Поділитися
Вставка
  • Опубліковано 21 жов 2024
  • #Burundi Kurikirana ingene ibirori vyo kwatira Umwungere mushasha wa Diyoseze #Bururi Musenyeri Salvator NICITERETSE vyagenze Ivyo birori vyari bihagarikiwe n'abandi basenyeri b'i Burundi, maze abihebeye Imana n'abakristu muri rusangi baramukeza.

КОМЕНТАРІ • 3

  • @raissaakimana-sj5mm
    @raissaakimana-sj5mm Рік тому

    Biraryoshe cane

  • @prudencensaguye9411
    @prudencensaguye9411 4 роки тому

    Merci bcp Mashariki TV kuhatubera

  • @lindaevans4504
    @lindaevans4504 Рік тому +1

    NTERIKINKUMU ISABA VATICANO GUTOHOZA KURI MGR SALVATOR NICITERETSE

    DUSABA VATICANO GUKANDA INGUMA Z’ABAKOZWEKO N’IHONYABWOKO RYAKOREWE ABAHUTU MU 1972-73 BAKOMEREKEJWE N’INSIGURO N’INYIFATO Y’AMACAKUBIRI VYA MUSENYERI SALVATOR NICITERETSE WA DIYOSEZE YA BURURI YONGEREKO IMUHANE!
    ==============================================================
    Twebwe abacikacumu bo kw’isi yose, b’ impfuvyi, b’abapfakazi, b’abihebeye Imana, abo jenoside yo mu 1972 yatikirije ubuzima mu ntara zose z’Uburundi

    Twishimikije inzandiko z’umuvyeyi wacu Papa Francis Laudato si’ na Fratelli tutti ku vy’inama nkuru ya Vaticano ishinzwe kwubahiriza ubutungane n’amahoro, kubungabunga no kwubahiriza agateka ka zina muntu , kandi hashizwe imbere ba ntahonikora, impfuvyi n’abapfakazi !

    Dufatiye ku nsiguro zitoneka ibisebe zigakomeretsa ubugira kabiri impfuvyi, abapfakazi b’abahutu vyakozeko, zatanzwe na Musenyeri NICITERETSE mw’isengero ry’I Buta ku wa Mungu itariki 30/04/2023, inyuma y’imisi ibiri, Sentare Ntahinyuzwa yogeje icaha c’ukumenja abahutu bishwe mu 1972-73, umwungere wa Diyseze ya Bururi akakibagarukanako Sentare na CVR zarakibakuyeko!

    Twishimikije kandi inkuru ko Musenyeri Salvator NICITERETSE yigamvye kuba yarahanuye Sebarundi Evariste Ndayishimiye, kudasohora itegeko impfuvyi n’abapfakazi twese dutegereje, ryemeza ihonyabwoko twakorewe mu 1972-73, rigasubiza agateka n’ubuntu abahutu bose vyakozeko, ngo akaba yaramwumvishije kwihoza ivya jenoside yemejwe ngo kubera intibagira itabana;

    Tumaze kwumva aho Musenyeri NICITERETSE atomora icese ko icegeranyo CVR ashikirije mu ku wa 20/10/2021 ikemezwa n’inama nshingamateka na Nkenguzamateka zikoranye ko ari iy’ibinyoma ;

    Dufatiye kandi ku birego vy’agacamutwe umwungere wa Diyoseze ya Bururi yaremetse abahutu nka bose bishwe mu 1972 ababeshera mu nsiguro yatanze I Buta, ko bishwe na Leta biturutse ku ntambara abahutu bateye ku Batutsi bo mu Rumonge, b’i Makamba, b’i Bururi, b’i Burambi, b’i Vyanda, bo mu Minago, n’ ahandi henshi,…ngbavuga amajambo y’aba Mai Mulele mugabo ari Abarundi, kandi akanabiha ama Televisions nka za Tele Renaissance (3/05/ 2023) ngo zibikwiragize kw’isi yose!
    3. TWESE ABACIKACUMU TWATONEKAJWE DUSAVYE VATICANO IBI 2 BIKWIRIKIRA:

    1. Kudutohoreza inyifato mbi ya Musenyeri Salvator NICITERETSE n’inyigisho ziwe ziteye kubiri n’umurongo w’ukuri w’ivyo Ekleziya (Mika 6:8) yigisha ku butungane bw’abarenganijwe

    2. Kumufatira ibihano bikwiranye n’icaha co kwifatanya n’abakora ihonyabwoko, maze akakwa amabanga y’ubwungere bivuye ku kutagirira impuhwe impfuvyi n’abapfakazi nk’uko Ekleziya katolika ibitegekanya, no mu kuburagiza itegeko ribatunganiriza (Ubuhungiro 22:23-24)
    Signatures en ligne
    Vyandikiwe Canada, kuwa 13/07/2023
    Ku bw’urunani “ Collectif des survivants et victimes du génocide Hutu de 1972 au Burundi, avant et après
    Conseil Exécutif de coordination Internationale (CECI)
    Bimenye Baributsa
    Agapfuye ntikabazwa ivu gusa
    Karabazwa n’uwagakoze
    T.1(819)661 5896