BELLINE BY SALVATION CHOIR SDA NGAGARA (Official Video 2023)

Поділитися
Вставка
  • Опубліковано 9 лют 2025
  • Inyuma y'amezi abiri gusa twagiye tubona agarutse mu rugo yijiriwe mu maso afise agahinda mu mutima nk'uwahukanye mama tubona arahungabanye natwe tumubaza impamvu agarutse n'ijwi ririmwo ikiniga cinshi atwishura ko yahukanye. Mama mw'ijwi rituje ryuzuyemwo agahinda kenshi amarira adengera mu maso ati :" Mwana wanje Beline kuberiki untesheje ibanga kandi ibanga kandi nari narakoze ibishoboka vyose ngo ndaguhe imirere ibereye". Erega Mama sijewe ku vyinshi wakoze ndagushima ariko hari ivy'agaciro cane utigeze umbwira namba.
    Cokimwe n'abandi twarukanye twari tuzi ko umwidegemvyo wo mu rugo uzoduherekeza mu bundi buzima natanguye kubona ko atarivyo ubwo nibwo umuvyeyi yikanguye kugira arabe arabe ko yoramira umuryango ariko ntabwo vyari bigishoboka kuko yari yaracerewe.
    Bukuru banje mu birori inzoga n'itabi vyababoreje mama nawe mugahinda ko kwarura umuryango utagira Kazoza kandi yari yaratanze vyinshi ngo ahaze ivyipfuzo vy'abo yavyaye.
    Inkuru ya mama beline ikwigishije iki nawe raba niba harivyo wirengagije bihambaye kurusha ivyo utanga.

КОМЕНТАРІ • 108